Sunday, November 9, 2008

Muri Kenya habereye inama yize ku kibazo ca Kongo



Muri iyo nama hari hatumiwemwo Prezida w'u Rwanda Paul Kagame hamwe n'uwa Kongo-Kinshasa Joseph Kabila
Uw'u Burundi Pierre Nkurunziza, uwa Uganda Yoweli Museveni hamwe n'uwa Kenya Jakaya Kikwete nabo nyene bari bitavye.

Inama yatumweko n'umukuru w'umuryango mpuzamakungu bwana Ban Ki-moon ngo barabire hamwe ingene ikibazo c'intambara ziri muri Kongo cotorerwa umuti.

Iyo nama iheze basohoreye hamwe icegeranyo cashikirije imigambi igiye gushirwa mu ngiro, harimwo uwo kwongereza abasirikare bahagarariye amahoro muri Kongo.

Naho amakungu aguma atunga urutoke leta y'u Rwanda avuga ko ikingiye ikibaba General Laurent Nkunda, u Rwanda rubandanya kubihakana.

BBC.

No comments:

Ubaye Umushitse uwa